08/07/2026
ISHOBORA GUKORA IBIRENGEYE
≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈≈
Shalom!!
Dusangire rino jambo.
Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke ivyo twiyumvira, nkʼuko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri,
Efeso 3:20
🧩 Uyu murongo urakunda gukoreshwa n'abantu batari bake, bavuga kuvyo Imana ishoboye gukora ku buzima bwabo; na cane cane《IVYIZA》 hari n'abamaze k'uwufata ku mutwe😊. Si Bibi k*ko navyo birimwo....💯
Kuberi iki Paul yandikiye rino jambo rino shengero❓️
Rino ishengero ry' i Efeso ryariko rica mu bihe bigoye rwose aho abizera bariko barahamwa, bahorwa ivyo bizera; baremerewe cane.
Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera UGUSHAKA KW'IMANA,
NDABANDIKIYE mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:
Efeso 1:1
Imana mu gushaka kumenyesha ishengero rya Kristo ivyerekeye Imigisha yo muri Kristo n 'ibanga ryahishijwe, ikoresha Paulo ngo yandike; ariko ntiyibagiye no kubamenyesha no kubijanye n'imibabaro bacamwo kubwo kwizera...na cane cane ivyo ishoboye gukora muri bene ivyo bihe.
Paulo, arandika ati:"Irashoboye cane gukora ibirengeye ivyo dusaba n'ivyo twiyumvira"
Mbega harya iyo duca mu minsi isa n'iyigoye, n'ivyahe DUSABA n'ivyahe TWIYUMVIRA ko vyoba❓️
Mu vy'ukuri, nta numwe abaho yigera yiyumvira canke ngo asabe ko ibihe bigoye bibandanya kumubako, yamara twiyumvira, dusenga ko bitonadushikira..(ndabeshe😊❓️ibihe bigoye biba bigoye nyene) niyo hoba hari ibiriko biradushikira dusaba Imana ngo ibidukize.
Mbega ivy' Ishengero ryiyumvira canke ryasaba Imana muri vyo bihe, vyoba vyari ibihe❓️
Ata nkeka, ishengero ryaripfuza kubona ubushobozi bw'Imana butabara abayizera, muri bwa buryo nyene tumenyereye🔥💪kandi tuba twipfuza ko biba...ariko Paulo, mu gutahura inzira z'Imana, aravuga ati: "Irashobora gukora ibirengeye ivyo twiyumvira n'ivyo twamizako mu gusaba".
"Gusaba Imana si bibi ndetse no kwiyumvira ivyiza ishobora kugirira umuntu si bibi; ariko ntituyishingire akarambi kuvy inkomezi ishobora gukora...irigenga caneee"
Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “GENDA, k*ko UWO SAWULI ari IGIKORESHO natoranije KUGIRA NGO AMENYEKANISHE IZINA RYANJE mu Banyamahanga nʼabami babo, ndetse nʼabo mu Bisirayeli. Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye kuzobabazwa ku bwʼizina ryanje.”
Ivyakozwe 9:15-16
Igihe Imana ituma ananiya kuri Sauli, ariwe Paulo. Ananiya vyaramugoye kwakira ivyo Imana iriko iramusaba, kubera ko yarazi Paulo nabi nk'uwuhama ishengero rya Kristo; ngira yahakwa kumubona nk intumwa ya Satan. Kubw' umubabaro mwinshi sauli yateje ishengero, sinibaza ko hari benshi boba biyumvira canke ngo basabe Imana, ahinduke abe nk'uwo yahavuye aba; k*ko yaboneka nk intumwa ya Satani kuri bo no kw'Ishengero muri rusangi.
Ariko Imana yakoze ibirenze ivyo bashobora kuba bariyumvira n'ivyo boba barasavye, imuhindura igikoresho gifasha ishengero rya Kristo cane birenze uko vyo kwiyumvirwa n'umuntu uwari we wese ariho.
4 Ndi hagati yʼintambwe;
hagati yʼibikoko vyʼinkazi;
abantu bafise amenyo ameze nkʼamacumu nʼimyampi,
indimi zabo zikamera nkʼinkota zikarishe.
Umutima wanje urashikamye, ewe Mana,
umutima wanje urashikamye;
nzoririmba ncurarange.
Zaburi 57:4-7
Cantique: ubu n'amahoro mu mutima wanje...n'impore×5 mu mutima wanjeee....🎶🎵
David, yanditse ino zaburi ari mu buhungiro; atari ubuhungiro bwo mu Mana(oyaa); yari mw'Isenga(caverne ou grotte). Ahunze Sauli n'ingoma yiwe, yashaka kumwica imuziza ico Imana yamugize. Ku murongo wa kane(4) agerageza kuvuga ibihe arimwo, no kugereranya abamuhiga n'ivyica(Intambwe, ibikoko vy'inkazi, amenyo ameze nk'amacumu n'indimi zimeze nk inkota zikarishe)
NTIYARI YOROHEWE NA GATO...
Igitangaje n uko ibihe yariko acamwo vyose, tutibagiye n uburemere bifise(Guhirwa n igihugu)...yarangije abwira Imana ukuntu yiyumva muri we; ngo: "Umutima wiwe urashikamye, ewe Mana"
Psaumes 57:8 BDS
[8] Mon CŒUR est TRANQUILLE(Calme), ╵ô mon Dieu ! ╵Mon CŒUR est TRANQUILLE. Oui, je CHANTE ╵et je te CÉLÈBRE ╵EN MUSIQUE 🎶 !
Résultats nk izi ziva mu bihe nk ibi ziboneka ku muntu asanzwe ntizibaho uretse k'uwo ubushobozi bw'Imana burengeye cane buriko burigaragazako; bikanerekana ko UBWENGE n UBUSHOBOZI bw'Imana burenze kuruta uko twovyibaza n'uko tubuzi.
...nkʼuko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri, (eph 3:20)
Psaumes 57:6 BDS
[6] O Dieu, manifeste ╵ta grandeur ╵au-dessus des cieux et ta gloire ╵sur toute la terre !
🧩uburyo bwotuma ibihe bigoye bitadushikira, s'uko bikurwa ku nzira zacu ariko niyo bitovaho; Imana irashoboye kuduha kubirengera(kubisumba) gushika aho tubirengana.
K*k' ubugingo bganje buronka ubuhungiro muri wewe:
Mbere no mu gitutu c'amababa yawe ni ho ngira mpungire,
GUSH*TSA AH' IBI VYAGO BIRENGANIRA.
"Imana idakuyeho Imisozi iri imbere yawe iguha inkomezi zokuduga iyo misozi"
♻️ Shared